INSIGURO Y’AMEZI MU KIRUNDI: MWIBAZAKO BA SOKURU BISUNZE IKI MUGUTAZIRA AMEZI?

Mu Kirundi, co kimwe no muzindi ndimi, amezi arafise amazina.

Aho mubona basokuru bari intwari, barashobora guharura imisi,amasaha,amezi bakabihurizako bitagoranye,kandi bakamenya ko hageze amataha y’inka,bakanamenya gutazira bisunze ivyo babona.

Ayo mezi yari icumi n’abiri akigaburamwo imice ibiri. Twoca twibaza tuti vyagenze gute biyumvire ko bogarukira kuri cumu na kabiri.

Hari amezi y’agatasi n’amezi y’ici.Amezi y’imvura ni umunani: Gitugutu, Munyonyo, Kigarama,Nzero, Nyamagoma (Ruhuhuma), Ntwarante, Ndamukiza, Rusama.Mbega ubu ni ko vyoba vyifashe?

Amezi y’ici, na yo ni ane: Ruheshi, Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga. Ubwo ici ntiryahindutse agatasi?

Ayo mezi uko ari 12 arafise insiguro n’ico twoyamenyerako.

Kenshi uko bayitirira bafatira kubihe abantu baba babayemwo biguma vyibonekeza muri ukwo kwezi. Kenshi na kenshi bafatira ku vyimburwa n’imvura. Ivyo vyatumwa n’uko ibikorwa vyose vyakorwa mu Burundi bw’aho hambere vyafatira ku burimyi n’ubworozi nabwo bikaba bizwi ko bufatira ku mvura. Kurikirana aha munsi amamuko y’amazina baha amezi.

Nzéro:Ukwezi kwa mbere ( Janvier-January).

Ukwezi kwa mbere mu mwaka.

Muri ukwo kwezi bivurwa ko kwarimwo inzara izura inzara kuko abantu baba bavuye mu ci aho atacimburwa na kimwe kiba kiri mu kigega kiretse ibihitira.

Kenshi rero bakunze kuvuga ko Nzero yoba ari inzara. Benshi baranagutazira “ukwezi kwa Ndabigirente”, ni ukuvuga ukwezi kw’ibibazo bidasanzwe. Ukwezi umuntu yaguma yijijanya imitima yibaza ukwo agiye kubaho.

Ruhuhúma: Ukwezi kwa  kabiri (Février-February).

Ni ukwezi kugira kabiri mu mwaka.

Muri ukwo kwezi, imvura iba yamaze kugwira mw-ijuru.

Iba igwa cane ikabuza abantu gusohoka. Yarashobora kwirizako. Aho gusa hari kera ibihe bitarahinduka. Bakunda kuvuga ngo ukwo kwezi ni “Ruhuhuma ruhuhuma imvura n’imituragaro”.

Ntwāranté: Ukwezi kwa gatatu (Mars-March).

Uku nakwo kugira gatatu.

Muri ukwo kwezi ivyimburwa vyarimwe ku mutasuro vyaba vyeze. Nk’uko mubibona mw’izina, haba ari igihe abantu baba bagorwa no kwimbura bakabura uko babikika. Haba heze imyungu, ibigori, ibiraya, n’ibindi. Ntwarante rero ryafatiye ku muvyeyi yaba yiriwe ararimira ibiharage, agaca ataha atahanye ibigori mu gishwaburira, afise isuka ku rutugu, ikibondo i mugongo azanye n’umwungu mu ntoke. Urumva ko yaba aremerewe. Ariko kandi haboneka umwimbu mwinshi kuburyo abarimyi bimbura vyinshi bikabagora n’itwara bakibaza bati “Mbega mbitwara nte” ariho havuye Ntwarante.

Ndamukiza: Ukwezi kwa kane (Avril-April).

Muri ukwo kwezi, imvura iba irwa cane.

Inzuzi zikuzura. Abantu ntibabe bakironka ingene bazijabuka vyoroshe.

 Musanzwe muzi ko abarundi b’aho hambere bakunda kugenderanira no kuramukanya ; iyo inzuzi zuzuye baca bikora ku majwi bagatuma abo babonye hakurya bati ‘urandamukiriza abandi’. Aho niho rero baciye bakura izina Ndamukiza bise ukwezi kwa kane.

Rusama: Ukwezi kwa gatanu (Mai-May).

Uku nakwo nikwo imvura yacikamwo.

Haba havuga imituragaro n’imvura igwa ihwehura idafashe. Bakwita Rusama rusama imvura n’imituragaro. Muri Rusama, warashobora kuba uri ku mutumba wo hakuno ukanyagirwa ugatota ariko uri hakurya atuma inkungugu. Rusama bakwita kandi Rwirabura, kuko kwari ukwezi igihugu caboneramwo amakuba atari make. Bagufata nk’ukwezi kw’imikoshi : ntawubaka inzu canke ngo yimuke muri Rwirabura ; eka mbere ntan’uwashinga umuryango.

Ruheshi: Ukwezi kwa  gatandatu (Juin-June).

Uku nakwo kwarangwa n’umuyaga mwinshi (ariho bahitiriye ngo umuyaga w’impeshi) n’igikonyozi kivanze n’imbeho nyinshi.

Ni muri ukwo kwezi ici ryatangura. Haba hari udukorwa twinshi; barima bihuta ngo imirima nticikirirwe ngo yume. Ni muri ukwo kwezi bakamiririzamwo ibijumbu bizera muri Kigarama.

Mukakaro: Ukwezi kw’indwi (Juillet-July).

Uku nakwo ni ukwezi kwo muci hagati na hagati.

Izuba rimena Imbwa agahanga mbere n’isi igakakarara ikata imigaga. Ntamuntu aba asohora isuka yo kurima kiretse mu mwonga. Uku kwezi nikwo bashwaburamwo ibiharage, ubwishaza n’ingano. Ivyo bisanzwe ari ibiterwa bikunda gusarurwa vyumye, bidakundana n’imvura. Ibikorwa vyinshi vyakorerwa ku muhana.

Myandagaro: Ukwezi kw’umunani (Août-August).

Nakwo nyene izuba riba ari igisararwe.

Ivyo bimbuye muri mukakaro baba bariko baravyegeranya: baragenya ingano, bagakubita ibiharage, ubwishaza, n’ibindi. Abantu baba bama bagandagaje ku nama bakora ivyo bikorwa, imirara y’amasaka, ibirundo vy’ubwishaza, ibiharage n’ingano zo gusekura vyandagaye hose. Niho bakwise Myandagaro. Muri uku kwezi, niho haba n’iminsi mikuru yo kwigina umwimbu no kuramukanya.

Nyakanga: Ukwezi kw’icenda (Septembre-September).

Nikwo kwezi kw’umutasuro.

Nikwo baturiramwo imiyonga. Inka zagishe inka zaba zitanguye kugishuka. Zimwe zaza zavyaye abana baheruka kera akanovera k’amata bagaca basubira bakabombeka umutima. Aho niho abantu baca batangura gutera ibigori n’ibindi biterwa vy’umutasuro.

Haravugwa ko ari “Nyakanga kwangaza Imbwa”, Imbwa zagenda zasamye zirondera ico zinywa.

Gitugutu: Ukwezi kw’icumi (Octobre-October).

Imvura yaba yafashe.

Bakwise Gitugutu kuko haba haguma hatigita imituragaro n’imvura nyinshi. Bacita gitugutu gituguta imvura n’imituragaro.

Munyonyo: Ukwezi kw’icumi na rimwe (Novembre-November).

Nakwonyene bafatiye ku mvura.

Iba yatanguye kuba urushana hamwe ishobora kugwa umunsi wose n’imirima ikanyonyera. Kubera gucokomera, wasanga ibitegwa bitarinda imvura bica binyonyera ari naho bakwita munyonyo.

Kigarama: Ukwezi kw’icumi na kabiri (Décembre-December).

Ukwezi kw’agahimbo.

Ivyarimwe ku mpeshi vyose vyaba vyeze kandi na bimwe bimbura muri Mukakaro na Myandagaro. Nikwo kwezi kw’umuganuro. Abantu baba baguwe neza bagaramanga mu mihana iwabo bamerewe neza. Benshi baba banezerewe n’uko bagire barangize umwaka bakomeye.

Bivanye n’ihindagurika ry’ibihe wewe wibazako amezi yoba akimeze nkuko vyahoze aho hambere? Tubiravye hirya no hino turabonako habaye ihinduka, none mubona amezi yohava ahindura insiguro canke agahindura ikibanza bivanye n’ibimenyetso tubona ubu?

Nk’amezi ari mu mugwi w’agatasi akaja mu mugwi w’ici canke amezi ari mu mugwi w’ici akaja mu gatasi?

Vyanditswe na Irakoze Florence.

Share this post: