Nta nkeka ko iri jambo « Gusīmbura » risigaye rikoreshwa cane muri iyi misi. Nawe nkanje woba umaze kurikoresha wibaza ko risigura ‘gusubirira, kurengera…’
Murundi mwenewacu nawe wese ukunda kandi wumva ukanavuga ikirundi, nagira nkugire nti : iyo nsiguro si iy’ikirundi. Ni ururimi rwo hakurya ya Kanyaru : Ikinyarwanda.
Ehe mwenemama,tora akate ukuruguture amatwi ndagucire ku mayange insiguro nyayo y’iryo jambo wahora ukoresha utazi neza. Niwamara kuvyumva sinkekeranya uragira n’ubwoba, uranamenya ryari uzohora urikoresha.
« Gusīmbura » ni iki ?
Nk’uko tuvyumva ni irivuga, rigobotowe mu rindi rivuga ‘gusimba’ iri naryo rigasigura ‘kwiterera hejuru kugira ugere mukindi kibanza gitandukanye n’ico wari urimwo’. Gusīmbura vyumvikana ko atari igikorwa umuntu yikorera ahubwo agikorerwa n’uwundi.
Gusīmbura ni umugirwa wakorwa n’abarozi.
Muri kazinduzi yanditswe na Firmino Rodegem (Dictionnaire Rundi-Français), dusanga ijambo « Gusīmbura » risigura ‘kuzura’. Ni ukuja kuzura umuntu yapfuye akagaruka mu bantu.
Muti ivyo navyo vyagenda gute ?
Kugira tubitahure neza reka twifashishe ivyanditswe na Tarasisiyo Bukatari mu gitabu ciwe yanditse avuga kuri Nangayivuza n’abayoboke biwe. Nangayivuza ryari idini rishingiye ku mangetengete n’uburozi bw’indenga kamere, ariko ikabamwo n’uruvangatirane rw’iyindi migirwa womenga ni iya gikirisu, ryatangujwe na Petero Bashahu mu ntara ya Karusi . Muri ico gitabu dusoma ko ‘Gusīmbura’ vyakorwa n’abananga (abayoboke ba Nangayivuza) mu buryo butangaje, ubona ko abo bantu barya abantu.
Umuntu baramuroga agapfa. Bakamuhamba nk’uko bisanzwe. Mw’ijoro ry’igicugu ry’uwo musi nyene, wa murozi yamwica yaca agenda kumuzura : Nivyo bita Gusīmbura. Ariko rero bivugwa ko uwo muntu ataba yapfuye burundu, baba bamwatse ubwenge n’ububasha bwo guhema.
*Inyifato y’umusīmbuzi
Imbere y’imva.*
Ahagaze imbere y’imva, wa musīmbuzi canke umurozi yatangura avuga amajambo y’imihamuro, asaba imana ngo zimuhe ca kiziga kiri mumva. Akavuga ati : « Imana ni ikumpe ». ngo yarakoma amashi agashishikara hanyuma agakubita ku mva incuro zibiri zitarenga ntizirenguke. Muti yakubita ko iki ? Nk’uko Bukatari Tarasisiyo abandanya avyandika, ngo ku mva yakubita ko imizi y’ibiti bimwe bimwe nk’umuzi wa hangiro, igitimburatimbura, umurinzi, umubirizi, umurama, umurago canke urukangaga. Ngo barashobora nugukoresha umutsi w’umugabo yapfuye.
Vyabandanya gute ?
Wa murozi amaze gukubita ku mva incuro zibiri, ca kiziga caca gisohoka kiva mu mva kigahagarara. Wa muntu yaba Asīmbutse.
Uwo muntu yazukana umubiri wiwe ariko nta bwenge yaba afise ngo amenye ibiriko biramubako. Wa murozi ahejeje kumusīmbura yaca amutwara muhira, ba Nangayivuza bo ngo baramurya canke bakamukoresha ibikorwa bashaka.
Wahora wibaza ko gusīmbura ari ukugira nte canke wahora ukoresha iryo jambo ukutariko ? menya ukuri uheze ukunde ikirundi.
Vyanditswe na Niyonkuru Clovis