Inkono mu Burundi bwaba sogokuru cari igikoresho ngirakamaro cane kuko mu bikorwa vya misi yo haba guteka, kuvoma, kubika amazi, imbuto canke kugemura, inkono niyo yakoreshwa.
Inkono yakorwa n’abatwakazi nk’ibindi bikorwa vyo kubumba vyose.
Ubwoko bw’inkono.
Inkono ziri ubwoko bwinshi. Zitandukanira ku mazina canke iforoma ivyo navyo bigatandukana bivanye n’ico zikora. Izo nazo ni izi:
Impange: iyo nkono n’iyo gutara inzoga.
Inkono canke inaga: ino nayo n’iyo guteka.
Umunoga: inkono yo kuvoma.
Urwavya: iyo nayo ni iyo guteka imboga n’imiti.
Umubehe: ino nkono iragaramye kandi ifise amanwa manini. Umubehe niwo bariramwo.
Icotero: iki cari icoteramwo umwami ndetse n’abaganwa.
Hariho rero n’umubindi uvoma hamwe n’umubindi w’imararubanza.
Aho kera inkono zagurwa amavuta n’indya nk’ibigori, ibiharage, amasaka, ubushaza bakabigera mu vyibo canke ku muganogano.

Akamaro k’inkono.
Mu gihe c’umuganuro canke co kwatira abagabo n’abashingantahe ndetse no muzindi manza inkono z’imibindi zatangwamwo ibiturire nazo zaratandukana ku mazina bivanye n’inzoga irimwo n’uwo igenewe. Ego cane n’uburyohe bwayo kuko inzoga y’umwami ntaho yasa isana n’iyabaganwa abatware canke abagabo.Nkuko barushanya ijambo ninako ibiturire vyabo vyasumbana.
Imibindi y’ibiturire nabo yari igenewe.
Igiserema: Uwo wajamwo inzoga yambere iryoshe ikaba yaba igenewe umwami.
Imbonero: Uno mubindi niwo wakurikira nawo ukajamwo inzoga y’abaganwa.
Ikombe nayo igakurikira. Yaba irimwo inzoga y’abatware.
Inyuma yaho hakaza imibindi y’abagabo n’abashingantahe yaba irimwo inzoga y’ibitoke.
Ku munsi w’umuganuro naho hariho inkono yatekwamwo wamutsima w’amasaka y’isugi wakoreshwa ku muganuro nayo ikaba yitwa Inkono y’isugi. ( Cfr sanctuaire de Nyantotwa).
Mu ndero.
Inkono kandi yaragira ico imaze mu ndero y’abana. Kumugoroba, umuryango uteramiye inkono bakikije iziko aho niho higishirizwa imiziro, imico n’akaranga bigenga abarundi. Aho niho havuye ijambo Indero yo kuziko.

Gusozera.
Aho hambere inkono yamara imanza zose. Eka mbere uretse imanza mu buzima bwa misi yose bw’umurundi yari nkenerwa. Ivyo navyo vyarafasha no kumagara y’umurundi wese kuko ibumba inkono ikorwamwo ni umuti kama kandi ukinga indwara nyinshi. N’ikirenze kuri ivyo, ababizi bavuga ko ata mazi aryoshe nkayabitswe mu mubindi kuko aba apfutse, akanye kandi akamara inyota. Inrya nazo zatetswe mu nkono ntiwokwumva mukuryoha.
Ugukomera kwa basokuru aho mubona kwaragira iyo kuva nakare ngo “Ubwiza buca mu kanwa.”
Imyibutsa n’amajambo ngereranyo yerekana inkono.
- Imyibutsa.
_Ntawiga kubumba rimwe ngo ambumbe intango.
_ Inkono mu kwanka irava.
_ Ibihanga bibiri ntibisangira inkono.
_ Hakwicara ku mutogoto w’inkono wokwicara kw’ijambo rya nyeneyo.
_ Inkono icumba ntibura ubukoko.
_ Inkono y’umurango ntirya umwe.
_ Inkono ihiye itaba niyo iryosha indya.
_ Inkono iteka ntibura imvyiro.
_ Umunwa munini w’imibindi ntutuma ijwi ryawo rishika kure.
_ Ubushuhe bw’igitika ntibuturira inkono.
_ Wirukana umugore azigiza umutsima ukazana uwumena inkono.
- Amajambo ngereranyo.
Kwikorera inkono ishushe.
Vyanditswe na Bwitonzi Grace Aurore