Gutera Igiti aho hambere vyari bifise insiguro  iyihe?

Mu gihe ca none tugiye kuvyihweza neza ,gutera ibiti bifise insiguro itandukanye

N’iyaho hambere.

Ubu kenshi usanga ico gikorwa kiba mu ntumbero yo gushariza ibisagara, n’imisozi kugira haboneke akayaga keza ndetse habe no gukingira ibidukikije muri rusangi.

Ariko dusubije amaso inyuma, tugasubira  muri kahise  insiguro yari iyindi, muti gute?

Ba sogokuru bacu  bari bafise imigirwa n’imigenzo barazwe, bakayigendera.

Kuva i Bwami gushika ku munyagihugu muto, igikorwa  co gutera ibiti caraba ukuri kwamye.

Aburundi ntibari bwabe benshi nko muri kino gihe, igice c’igihugu kininiya  cari cambaye ibiti vy’ubwoko butandukanye.

Nta mpamvu nimwe yari gutuma abarundi batera ibiti atari yuko hejuru yukubaha  ibidukikije, imigenzo nayo ifise uko yaritunganijwe.

Insiguro canke impamvu, niyo yashobora kuba  itandukanye, nk’uko tugomba tubirabire hamwe.

Insiguro y’ugutera igiti, aho hambere.

Aho hambere gutera igiti vyaba bishingiye ahanini ku migirwa n’imigenzo.

Nk’akarorero,kenshi turakunze kwumva abarundi bakoresha kenshi iryungane: “kugiti canje”,birafise ico bivuyeko

Nk’uko tubiyagirwa n’umwanditsi yohani Batista NTAHOKAJA mu gitabu yise imigenzo y’ikirundi, aratuyagira neza ko igihe cose umwana avutse aho hambere baca batera ikigabiro c’umumanda hamwe n’igitoke mu rugo kwa Se na Nyina ivyo bikaba vyasigura ko ari umwana avuka mu rurwo rugo, ashobora no gutorana kuvyo Se amuvyara azosiga.

Akandi karorero ni igihe UMWAMI yaba yagendeye iyindi ntara, aho ashikiye yaraheza akahatera Ikigabiro, kenshi caba aricu umuvumuvumu, kikaba ikimenyetso yuko yahaciye.

Ico tutokwibagira nuko abarundi mugukora impuzu zabo, bikora ku biti nk’umumanda, umurinzi, umuvumuvumu.

Uturorero twotanga ni twinshi cane ariko naho biruko ng’iki ikintu nyamukuru twosigarana.

Kubaha no gukingira ibidukikije biri mu migirwa n’imigenzo myiza dufise nk’iragi  kandi tubwirizwa kugendera twese atawusigaye inyuma kuneza y’umuntu wese!

Share this post: