Abana mwegere  hano gato

Rinjora …- Twese !

Muri ca giteramo mbaramico na ndangakaranga giheruka kuba kuwa 05 Ndamukiza muri #centre_culturel_akiwacu citwa #rinjora gitegurwa na #gisabo_tours ifadikanije na #ODJ na #umunyinya_asbl harabereye utuntu twinshi twaryoheye benshi turanabatangaza.

Abana bo mu murwi ndangakaranga #Impundu batwibukije twa tuvyino abana batamba bariko barakina aho hambere barindiriye ko inkono isha canke ku kagoroba iyo bigina ukwezi kuri mu mfato kugafuta umwijima w’ijoro ujuragiza ibibondo.

 Abana baba batonze ku mirongo ibiri barabana, bafatanye amaboko bakayazugangiza bayaroresha imbere n’inyuma ; bagaterera mu gahogo bahanahana ibitero bagira bati :

  1. Turaje  gusoroma ibiyoba, ibiyoba, ibiyoba

Turaje gusoroma ibiyoba mu gatondo ka kare

  • Nimuze musorome musorome musorome

Ni muze musorome mu gatondo kakare

  • Turashaka  umwana umwe umwana umwe umwana umwe

Dushaka umwana umwe mu gatondo ka kare

  • Mushaka umwana nde umwana nde umwana nde

Mushaka umwana nde mu gatondo ka kare

  • Dushaka (izina ry’uwo bashaka X 3)

Dushaka (izina ry’uwo bashaka X 3) mu gatondo kakare

  • Ninde amuzana amujana amujana

Ninde amuzana mu gatondo ka kare

  • Ni (izina ry’uwo bashaka X 3)

Ni (izina ry’uwo bashaka X 3) mu gatondo kakare

  • Ng’uyo araje mufate mufate mufate

Ng’uyo araje mufate mu gatondo kakare

  • Bayi bayi mwenewacu mwenewacu mwenewacu

Bayi bayi mwenewacu tuzoba dusubira

Ico gitero kirangiye abatowe babiri barakwegana gushika habonetsemwo uwutahukaana uwundi mu murwi wiwe. Vyaba bihimbaye cane.

Ni uko rero, kuva kera na rindi eka mbere n’ubu abavyeyi barazi ko bimwe mubituma umwana akura ari umuntu yuzuye harimwo udukino two kwinezereza. Aho hambere nyene muri utwo dukino niho umwana yerekanira ko azoba intwari, niho n’umuvyeyi yafata akanya ko kwihweza umwana wiwe ingene yifata ari mubandi maze akamenya ingene atumbereza indero yiwe kanatsinda ngo “igiti kigororwa kikiri gito”.

Hewe ntuze wongere gusiba muri #Rinjora kuko abaza bariko bunguka vyinshi harimwo wa mutima na rwa rukundo vyaranga basokuru bacu.

Hari utundi dukino tw’abana namwe mwoba muzi? Ijambo ni rwanyu.

Vyanditswe na Niyonkuru Clovis

Share this post: