Menya vyinshi k’ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu c’Uburundi.
Nk’uko vyandikwa n’umwanditsi Manirakiza Zénon, hari agace kahindutse muri urwo ruririmbo. Nako ni akavuga kati : “ Horana umwami n’abagabo ”. Ijambo ryahindutse ni “Umwami” ryasubirijwe n’ijambo “Ubumwe”, hari mu 1966 ku muzo w’intwaro ya Repuburika, intwaro ya cami ihejeje gutembagazwa.
None « Burŭndi bwacu » ni iki?
Ni uruvyino ndangabuhizi rumenyesha ko Uburundi buriho kandi bwikukiye. Rugizwe n’imihezagiro Abarundi bipfuriza kandi basabira icibare cabo. Urwo ruririmbo rurasamirizwa rukaririmbwa mu bihe bitandukanye mu kugaragaza umutima Umurundi akunda igihugu camwibarutse.
Muti rwahinguwe ryari ?
Rwahinguwe mu 1961 n’umugwi w’abahinga barongowe na Patiri Ntahokaja Jean Baptiste babitumwe n’umushikirangoma wa mbere Ndereya Muhirwa. Patiri Mariko Barengayabo ni we yarushize mu manota, aruha ingero, umugere n’agahogo.
Mbega urwo ruririmbo ruri mu zo ukunda kuvuza kandi uzirikana ? Canke uruheruka ukiri mw’isomero ?
Isôko : Igitabu ca Manirakiza Zénon, Amagoro mu bantu, Imico akaranga, Inkebuzo, Presse Lavigerie 2020.
Vyanditswe na Niyonkuru Clovis.