Icumu mu Burundi bw’aho hambere.

Aho hambere hahise, icumu ryari mu bikoresho ngirakamaro mu buzima bwa misi yose bw’umurundi.

Ryakoreshwa cane cane nk’ikigwanisho co kwivuna umwansi, abazungu bataraza ngo risubirizwe n’inkoho canke ibindi bigwanisho bicira umuriro. Umugabo nyenurugo nawe ntiyamara urubanza atitwaje icumu eka yaranarikoresha mu kwirarira mw’ijoro ngo haseruke igisuma akacivuna atyo.

Sivyo gusa ryaranakoreshwa no mu guhiga. Mugihe abarundi bitwaza kenshi na kenshi imbwa mu ruhigi; ibikoko bikara, vyiruka cane canke bikomeye gusumba imbwa babihigisha amacumu canke ubuhiri. Aha twovuga nk’imbwebwe, ingwe, impongo, ingeregere, ibinyogoto n’ibihimbi.

Imigirwa ijanye n’icumu.

Kuraga.

Igihe nyene urugo akitswe n’amagara bakabona ko yohava yitaba Imana baramusaba ngo arage abiwe. N’ukwo baramuzanira icumu bakarimufatisha mu minwe hama akaraga.

Arangije agafata rya cumu akariraga umwana amugamburukira kandi aciye ubwenge. Ivyo bavyita gutanga ubugabo kuko igihe se wiwe yitavye Imana niwe yasigara ajejwe amabanga se yari ajejwe mu muryango. Kuva ubwo yitwa Samuragwa.

Gushinga icumu.

Aho mwumva ngo icumu ryagena ubugabo vyaragenda bigakora henshi.

Nyenurugo yaratembera canke akaja muyandi mabanga, umugabo wamarere akamurabira kure akaza agatemberera urwo rugo, yabona umugore waho yomufata neza, agashinga icumu ryiwe kw’irembo. Nyenurugo atashe akabona icumu rishinze kw’irembo iwe yamenya ko rwatashwe, hariho umugabo yamaze kurufata.

Ivyo vyakorwa kenshi n’abagabo, abaganwa canke abami kuko bubahwa cane.

Burya carazira kikaziririzwa ko umugabo yinjirira kuwundi yamaze gushinga icumu. Utashe ugasanga icumu rishinze imbere y’urugo rwawe wararondera ukwo wizubaza gushika nyeneryo ahejehe icamuzanye, akarishingura akagenda.

Iyo umugabo agusumvya ijambo ntaco wavuga. Ni naho havuye ijambo Umushingantahe kuko iyo umwubahwa ashinze icumu naho haba ari kugira agutware umugore, eka waratekereza kuko yaba agusumvya ijambo.

Ubwoko bw’amacumu nico akozwemwo.

Amacumu y’ingobe: Ayo yari amacumu y’ukurwana mu rugamba. Yaba afise amashami abiri n’ibisanganga bibiri.

Amacumu y’impina: Ayo yakoreshwa mu guhiga ibikoko. Yari yagutse mu mbavu afise umushika, agakwikirwa mu biti vy’imisunu.

Amacumu y’uruhuga: rifise umugongo imbere n’inyuma rikagira ubugi mu mpande zose, iruhande rumwe rwera urundi rwirabura. Mw’ikwikiriro rigide udusaruro hama mukurikwikira ntibinjiza icumu mugiti, binjiza igiti mw’icumu Hama bakarikwikira.

Amacumu bayakwikira mu nti zigororotse zibajwe mu biti vyo mu mashamba nk’umushishi. Yaba afise imihunda ikwikiye mu ntango y’uruti rw’icumu kugira ngo baje barayashinga hasi.

Icumu ryaratandukana kumazina bivanye nico rimara. Ryaguma ryitwa icumu mugihe ari iryo kwivuna umwansi,guhiga canke kwirarira. Ryarahinduka rikitwa igàába mugihe ari iryo kumara urubanza.

Amungane ijambo Icumu rikunda kwibonekezamwo.

Shinga icumu mumashinga: Shinga icumu mumahanga gisigura sasagara no mu mamahanga, umenyekane.

Umugabo si urucumu: Umuntu ntagigwa umugabo nicumu canke ubunini bwaryo. Umugabo arangwa n’ubuntu n’ubutore. Umyibutsa bishusha «Umugabo si ubwanwa.”

Naho icumu ritari imararubanza ku mugabo wo mu Burundi bwa none canke ngo rikenegwe mu kwivuna umwansi, mu guhiga canke mu kwirarira, ico gikoresho kiracari ikimenyetso c’ubugabo n’ijunja ryiwe mu Burundi iyo umugabo aryitwaje.

Isoko: J.B NTAHOKAKA, Imigenzo y’ikirundi.

Vyanditswe na BWITONZI Grâce Aurore

Share this post: